Egere Tuyage Podcast By Luc Noël Ingabire Barbara Ndimurukundo-Kururu Emelyne Nibogora Ariel Fabrice Ntahomvukiye cover art

Egere Tuyage

Egere Tuyage

By: Luc Noël Ingabire Barbara Ndimurukundo-Kururu Emelyne Nibogora Ariel Fabrice Ntahomvukiye
Listen for free

About this listen

Muri iki kiyago, abakuze n'abato duhanahana ivyiyumviro ku mico, imigenzo n'akaranga. Dufatira ku vyo bamwe n'abandi basomye, bumvise, batohoje canke barazwe, kugira ngo dusabikanye ubumenyi. Mu kirundi no mu mico y'Abarundi, harimwo ubutunzi ntangere.Luc Noël Ingabire, Barbara Ndimurukundo-Kururu, Emelyne Nibogora, Ariel Fabrice Ntahomvukiye Social Sciences
Episodes
  • Ep 13 - Umwana n'incuti ziwe
    Jul 27 2024

    Umwana avutse mu muryango agira incuti. Mu rurimi rw'ikirundi, izo ncuti zirafise uko zitwa bivanye n'ubucuti bafitaniye n'uwo mwana. Muri iki gice ca cumi na gatatu, nivyo tugiye kuyaga. Barbara Ndimurukundo-Kururu aratuyagira vyinshi kuri ayo mazina y'incuti z'umwana. Muri iki kiganiro, turayaga kandi n'ibijanye n'imiziro n'amayarwa ajanye n'incuti z'umwana.


    Mufise ico mutwunganira canke mutubaza, ntimuhengeshanye kutwandikira kuri : egere.tuyage@gmail.com


    Murakoze.

    Show more Show less
    36 mins
  • Ep 12 - Gusohora amahasa
    Jun 10 2024

    Ubuheruka twaganiriye ku bijanye no gusohora umuvyeyi. Muri iki gice, turabira hamwe uko basohora umuvyeyi yibarutse amahasa. Kurikira kino kiyago muheze mutwunganire.


    Murakoze !


    Mufise ico mwipfuza gushikiriza, muraturungikira ubutumwa tuzoheza tubishure.

    Show more Show less
    36 mins
  • Ep 11 - Gusohora umuvyeyi
    Jun 10 2024

    Gusohora umuvyeyi ni umwe mu migirwa yo mu Burundi bwaho hambere. Vyongeye, no mu gihe ca none, uwo mugirwa uracariho.

    None woba ugikorwa nkuko vyahora muri kahise ? Warumaze iki ? Wasigura iki ? Wagenda gute ?

    Ivyo ni bimwe muvyo duca irya n'ino muri iki kiyago kigira icumi na rimwe.


    Mufise ico mutwunganira, turabahamagarira kuturungikira ubutumwa kuri : egere.tuyage@gmail.com.


    Murakoze.

    Show more Show less
    39 mins
adbl_web_global_use_to_activate_T1_webcro805_stickypopup
No reviews yet