Episodios

  • ISHIMUTWA MADURO
    Jan 11 2026
    Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 11 ukwezi kwa mbere umwaka wa 2026 akaba ari naco kiganiro ca mbere ca Wiriwe Maine cuguruye uyu mwaka. Tugaruka kw'ishimutwa rya Nicolás Maduro , umukuru w'iihugu ca Venezuela n’umugore we, Cilia Flores. Muri kino kiganiro tubumvisha ico iri shimutwa risobanuye, ingaruka ku migenderanire hagati y'ibihugu vya rutura no ku baturiye isi bose hamwe rero n'ico abantu bokwitega mu misi iri imbere. Umuhinga twaganiriye ni Jean Hakuzimana, ahagarariye umushinga wo gutuza abimukira muri Reta ya
    New Hampshire, yo muri New England, mu majyaruguru y’iburasirazuba bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iki kiganiro mwagiteguriwe mwongera mukigezwaho na Eloge Willy Kaneza
    Más Menos
    45 m
  • INTAMBARA ZIRAKOMEZA MURI RDC -UBUSHOBOZI BWA M23
    Dec 21 2025
    Mu gihe Leta zunze ubumwe za Amerika zikomeje kwagiriza u Rwanda gufasha no gushigikira muvya gisirikare hamwe na politike umurwi wa M23 urwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, uwo muhari nawo ubandanya kwigarurira uduce dutandukanye harimwo utwimbukamwo ubutare bwinshi mbere bunakoreshwa cane na Amerika ubwayo mu buhinga bwa none. Ivyo bikaba mu gihe Uburundi n'u Rwanda vyagirizanya ugusotorana hamwe n'ukutubahiriza amasezerano yasinyiwe i Washington kuwa 4 ukwa 12 uyu mwaka. Muri kino kiganiro twatumiye umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru akorera Amjambo Afrika akaba amaze imyaka irenga 12 akorera ku bibazo vya Afrika y'ibiyaga binini , amakambi y'impunzi, akaba ari no mw'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bakora ku bibazo vy'ubutungane bw'inyuma y'intambara.
    Más Menos
    1 h y 1 m
  • ABANYAMULENGE BARAMAGANA FDNB I MULENGE
    Nov 30 2025
    Ishirahamwe " Mahoro Peace Association" rifise icicaro muri Amerika rikaba rigizwe n'abava mu bwoko bw'Abanyamulenge rimaze imisi ritunganya muri uku kwezi kwa 11 imyiyerekano izokomeza mukwa 12 mu miji n'ama reta bitandukanye muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Iyo myiyerekano ni iyo kwiyamiriza ico uwo muryango wita " ihonyabwoko n'agatotezo bikorwa n'igisirikare c'Uburundi FDNB" ku Banyamulenge bari i Mulenge muri Kivu y'Ubumanuko mu buseruko bwa Kongo. Muri ako gace, Uburundi bwarungitseyo ingabo zirenga 10.000 kuja gufashanya n'igisirikare ca Kongo, FARDC, hamwe n'imirwi y'inyeshamba ishigikiwe na Reta- mu rugamba rwo kurwanya umuhari wa M23 umaze kwigarurira imirwa mikuru ya Goma muri Kivu y-Uburaruko na Bukavu muri Kivu y-Ubumanuko hamwe n'utundi duce tutari duke twimbukamwo inzahabu nyinshi. Kinshasa yagiriza Kigali gufasha abaroberi ba M23, ariko Kigali ivuga ko ari ibinyoma vyambaye ubusa ahubwo yashizeho ingamba zo kwikingira ibitero vy'interahamwe za FDLR zagirizwa kuba zarakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi muri 1994 mu Rwanda. Umuvugizi w-igisirikare c'Uburundi , Général de brigade Gaspard Baratuza aremeza ko hari uduce tumwe tumwe Abanyamulenge bankirwa kuva mu mihana yabo agasigura ko bakorana n-umwansi. Muri kino kiganiro Wiriwe Maine yakiriye Douglas Gasore Kabunda, umukuru w'umuryango " Mahoro Peace Association".
    Más Menos
    35 m
  • KEVINE UBWIZA MAINE
    Nov 9 2025
    Kaze mu Kiganiro " Wiriiwe Maine" co kuri uyu w-Imana itariki ya 9 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2025. Twabazaniye Umunyarwandakazi Kevine Umutesi akora ibijanye n'ubwiza.

    Aratubwira ukuntu yakujije impano yiwe n'uko akorera abamugana. Ku bwiwe, ugutaka abakenyezi n'abakobwa canke kubakorera " maquillage" ni ikimenyetso co kwikunda kandi abantu barabikeneye. Mugumane natwe. Tunabafitiye amakuru y'ingenzi yo muri iyi misi kw'isi dushikirizwa na mugenzi wacu Pierre Claver Niyonkuru. Iki kiganiro mugishikirizwa na Eloge -Willy Kaneza.
    Más Menos
    59 m
  • FDLR-IKARA
    Oct 19 2025
    Kaze mu kiganiro wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana. Tugaruka ku mutwe wa FDLR ukomeje gutuma imigenderanire hagati y'ibihugu bitatu vy'akarere ka Afrika y'ibiyaga binini -Uburundi-u Rwanda na Congo itosekara. Ingabo za Congo, FARDC, zasohoye itangazo kuwa 10 ukwezi kwa cumi umwaka wa 2025 zisaba inyeshamba za FDLR gushira hasi ibirwanisho zikishikana ku butegetsi bw'u Rwanda canke ku ngabo za ONU muri RDC-MONUSCO. Umutumire wacu ni umwigisha muri kaminuza akaba n'umuhinga mu bijanye n'imigenderanire hagati y'ibihugu Ismael Buchanan. Iki kiganiro mugishikirizwa na Eloge-Willy Kaneza.

    Mwakoze mwebwe mwese mwakurikiranye kino kiganiro, ni ah'ubutaha.
    Más Menos
    1 h y 20 m
  • BATIMBO ITEKA
    Sep 28 2025
    Kaze mu kiganiro " Wiriwe Maine" co kuri uyu w'Imana. Tugaruka kw'iteka ingoma z'Uburundi ziserukiwe n'umurwi wa " Batimbo United" zatewe zishirwa mu murage ndangakaranga w'umuji wa Portland. Ni umurwa mukuru w'ubutunzi wa Leta ya Maine mu buraruko bwa Amerika. Muri kino kiganiro, Yves Karubu atwara uwo murwi aratubwira ico bisiguye hamwe n'imigambi we na begenzi be bafise muri kazoza.
    Más Menos
    27 m
  • ABANYAMULENGE BARIBUKA KU NCURO YA 21 UBWICANYI BWA GATUMBA
    Aug 17 2025
    Kaze mu kiganiro "Wiriwe Maine" co kuri uyu w'Imana. Tugaruka ku bwicanyi bwakorewe Abanyamulenge bari bahungiye mu Burundi muri 2004. Ku isi yose, ku ncuro ya 21 Abanyamulenge, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe n'ayaharanira inyungu z'Abatutsi muri rusangi baributse muri uku kwezi kwa munani. Baracasaba ubutungane kandi biyemeje ko batazahemuka badatunganirijwe.
    Más Menos
    35 m
  • IMYAKA 9 IRARUMANYE UMUMENYESHAMAKURU JEAN BIGIRIMANA ANYURUJWE
    Jul 27 2025
    Godeberthe Hakizimana, umukenyezi w’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana w’Umurundi yanyurujwe mu mwaka wa 2016, n’ubu aracasaba ubutungane n’ukuri kuvyashikiye umugabo wiwe. Amjambo Africa yamusanze mu muji wa Kigali ku murwa mukuru w’u Rwanda aho yahungiye. Yayibwiye ko n’ubu atazohumeka gusaba ubutungane bw-Uburundi gukora amatohoza yigenga kugira ukuri kumenyekane kuvyashikiye umunega wiwe. Abantu n’imiryango babuze ababo, abahohotewe, abo ababo banyurujwe, canke baburiwe irengero-umupfasoni Hakizimana abasaba kudacika intege akabahamagarira kwiyubaka.
    Más Menos
    42 m
adbl_web_global_use_to_activate_DT_webcro_1694_expandible_banner_T1