Episodios

  • KEVINE UBWIZA MAINE
    Nov 9 2025
    Kaze mu Kiganiro " Wiriiwe Maine" co kuri uyu w-Imana itariki ya 9 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2025. Twabazaniye Umunyarwandakazi Kevine Umutesi akora ibijanye n'ubwiza.

    Aratubwira ukuntu yakujije impano yiwe n'uko akorera abamugana. Ku bwiwe, ugutaka abakenyezi n'abakobwa canke kubakorera " maquillage" ni ikimenyetso co kwikunda kandi abantu barabikeneye. Mugumane natwe. Tunabafitiye amakuru y'ingenzi yo muri iyi misi kw'isi dushikirizwa na mugenzi wacu Pierre Claver Niyonkuru. Iki kiganiro mugishikirizwa na Eloge -Willy Kaneza.
    Más Menos
    59 m
  • FDLR-IKARA
    Oct 19 2025
    Kaze mu kiganiro wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana. Tugaruka ku mutwe wa FDLR ukomeje gutuma imigenderanire hagati y'ibihugu bitatu vy'akarere ka Afrika y'ibiyaga binini -Uburundi-u Rwanda na Congo itosekara. Ingabo za Congo, FARDC, zasohoye itangazo kuwa 10 ukwezi kwa cumi umwaka wa 2025 zisaba inyeshamba za FDLR gushira hasi ibirwanisho zikishikana ku butegetsi bw'u Rwanda canke ku ngabo za ONU muri RDC-MONUSCO. Umutumire wacu ni umwigisha muri kaminuza akaba n'umuhinga mu bijanye n'imigenderanire hagati y'ibihugu Ismael Buchanan. Iki kiganiro mugishikirizwa na Eloge-Willy Kaneza.

    Mwakoze mwebwe mwese mwakurikiranye kino kiganiro, ni ah'ubutaha.
    Más Menos
    1 h y 20 m
  • BATIMBO ITEKA
    Sep 28 2025
    Kaze mu kiganiro " Wiriwe Maine" co kuri uyu w'Imana. Tugaruka kw'iteka ingoma z'Uburundi ziserukiwe n'umurwi wa " Batimbo United" zatewe zishirwa mu murage ndangakaranga w'umuji wa Portland. Ni umurwa mukuru w'ubutunzi wa Leta ya Maine mu buraruko bwa Amerika. Muri kino kiganiro, Yves Karubu atwara uwo murwi aratubwira ico bisiguye hamwe n'imigambi we na begenzi be bafise muri kazoza.
    Más Menos
    27 m
  • ABANYAMULENGE BARIBUKA KU NCURO YA 21 UBWICANYI BWA GATUMBA
    Aug 17 2025
    Kaze mu kiganiro "Wiriwe Maine" co kuri uyu w'Imana. Tugaruka ku bwicanyi bwakorewe Abanyamulenge bari bahungiye mu Burundi muri 2004. Ku isi yose, ku ncuro ya 21 Abanyamulenge, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe n'ayaharanira inyungu z'Abatutsi muri rusangi baributse muri uku kwezi kwa munani. Baracasaba ubutungane kandi biyemeje ko batazahemuka badatunganirijwe.
    Más Menos
    35 m
  • IMYAKA 9 IRARUMANYE UMUMENYESHAMAKURU JEAN BIGIRIMANA ANYURUJWE
    Jul 27 2025
    Godeberthe Hakizimana, umukenyezi w’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana w’Umurundi yanyurujwe mu mwaka wa 2016, n’ubu aracasaba ubutungane n’ukuri kuvyashikiye umugabo wiwe. Amjambo Africa yamusanze mu muji wa Kigali ku murwa mukuru w’u Rwanda aho yahungiye. Yayibwiye ko n’ubu atazohumeka gusaba ubutungane bw-Uburundi gukora amatohoza yigenga kugira ukuri kumenyekane kuvyashikiye umunega wiwe. Abantu n’imiryango babuze ababo, abahohotewe, abo ababo banyurujwe, canke baburiwe irengero-umupfasoni Hakizimana abasaba kudacika intege akabahamagarira kwiyubaka.
    Más Menos
    42 m
  • KARUMUNA-UBUCURUZI N'UBUSHINGANTAHE
    Jul 7 2025
    Wiriwe Maine – Ikiganiro kuri Gloriose Karumuna, Umucuruza w’Umurundikazi muri Leta ya Maine

    Murakaza neza muri "Wiriwe Maine", ikiganiro kibazanira intahe, ubuhamya, n’akaranga k’abimukira baba mu buraruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, cane cane muri Maine ariko tutibagiye n’ahandi ku isi.

    Muri kino gice, turaganira na Gloriose Karumuna, umukenyezi w’Umurundikazi amaze imyaka irenga 10 aba i Portland, Maine. Aratubwira icamutumye kwugurura Glory Store LLC, ubucuruzi bw’ibifungurwa biva mu bihugu vy’Afurika, n’ukuntu ashira imbere akaranga n’umuco w’iwabo.

    Gloriose aturuka i Kiganda, hagati mu Burundi, aho hahoze himikirwa abami, akaba n’umwe mu bakenyezi bake b’inkerebutsi bagize urwego rw’Abashingantahe. Aratubwira kandi uko abonye uruhara rw’uwo muco mu buzima bwo mu mahanga, hamwe n’ukuntu akaranga gashobora gufasha imiryango kuguma ihagaze neza, abana ntibatakaze imizi.

    🎙️ Ntimuce iruhande!
    Más Menos
    57 m
  • GUKOMEZA UBUCUTI BICIYE MU NKINO
    Jun 8 2025
    Umurwi witiriwe Team 257 Maine-USA warakiriye mugenzi wawo wa FBM (Fraternité Burundaise de Montréal) wo muri Canada mu rukino rwo kwishura. Ni ama ekipe ya Basketball.
    Irushanwa ryabereye mu nzu y’imikino ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Rusama 2025, guhera isaha icenda z’umuhingamo (isaha yo muri Maine), ku kibuga ca Riverton Community Center mu muji wa Portland, Maine. Umukino warangiye Team 257 Maine-USA itsinze ku manota 74 kuri 52 y'abashitsi baje baturutse mu gihugu kibanyi ca Canada. Abateguye uru rukino bavuga ko inkino ziri mu bintu bituma Abarundi batibagira i wabo, bagumana amagara meza kandi bakomeza n'umuco ubaranga.
    Más Menos
    46 m
  • INYUMA Y-IMYAKA 9 ANYURUJWE, UMUKENYEZI W’UMUMENYESHAMAKURU JEAN BIGIRIMANA ARACASABA UBUTUNGANE
    May 18 2025
    Godeberthe Hakizimana, umukenyezi w’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana w’Umurundi yanyurujwe mu mwaka wa 2016, n’ubu aracasaba ubutungane n’ukuri kuvyashikiye umugabo wiwe. Amjambo Africa yamusanze mu muji wa Kigali ku murwa mukuru w’u Rwanda aho yahungiye. Yayibwiye ko n’ubu atazohumeka gusaba ubutungane bw-Uburundi gukora amatohoza yigenga kugira ukuri kumenyekane kuvyashikiye umunega wiwe. Abantu n’imiryango babuze ababo, abahohotewe, abo ababo banyurujwe, canke baburiwe irengero-umupfasoni Hakizimana abasaba kudacika intege akabahamagarira kwiyubaka.
    Más Menos
    44 m