KARUMUNA-UBUCURUZI N'UBUSHINGANTAHE Podcast Por  arte de portada

KARUMUNA-UBUCURUZI N'UBUSHINGANTAHE

KARUMUNA-UBUCURUZI N'UBUSHINGANTAHE

Escúchala gratis

Ver detalles del espectáculo
Wiriwe Maine – Ikiganiro kuri Gloriose Karumuna, Umucuruza w’Umurundikazi muri Leta ya Maine

Murakaza neza muri "Wiriwe Maine", ikiganiro kibazanira intahe, ubuhamya, n’akaranga k’abimukira baba mu buraruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, cane cane muri Maine ariko tutibagiye n’ahandi ku isi.

Muri kino gice, turaganira na Gloriose Karumuna, umukenyezi w’Umurundikazi amaze imyaka irenga 10 aba i Portland, Maine. Aratubwira icamutumye kwugurura Glory Store LLC, ubucuruzi bw’ibifungurwa biva mu bihugu vy’Afurika, n’ukuntu ashira imbere akaranga n’umuco w’iwabo.

Gloriose aturuka i Kiganda, hagati mu Burundi, aho hahoze himikirwa abami, akaba n’umwe mu bakenyezi bake b’inkerebutsi bagize urwego rw’Abashingantahe. Aratubwira kandi uko abonye uruhara rw’uwo muco mu buzima bwo mu mahanga, hamwe n’ukuntu akaranga gashobora gufasha imiryango kuguma ihagaze neza, abana ntibatakaze imizi.

🎙️ Ntimuce iruhande!
Todavía no hay opiniones